Friday, February 26, 2010
Abarundi barakwiye guhumurizwa muri iki gihe gihambaye.
Haraheze imisi ibikorwa biteye isoni bigirirwa abatiyumvira kumwe n'abamaze imisi k'ubutegetsi. Abatahasize ubuzima baraterwa ubwoba, ukamenga mu Burundi hari umwana n'ikinono. Iki n'igihe c'amatora aho abanyepolitike bashira imbere guhiganirwa amajwi.
Ukwivanga kw'abapolisi bamwe bamwe, n'urwaruka ruri muri CNDD-FDD mw'iterabwoba rikorerwa abanyagihugu, biratera ubwoba abantu: umenga baratumwe na cane cane ko atawamira. Nicogituma, umukuru w'igihugu akwiye gushikiriza ijambo ry'ihumure ku Barundi bose muri iki gihe. Bitangeze gutyo, azohava yitirirwa ivyo bikorwa bibishe bikorerwa abatari kubutegetsi.
Ivyarivyo vyose, biragarara yuko umugambwe uri kubutegetsi wabigize umugambi kutihanganira iyindi mugambwe. Aho bigeze ubu, ibiriko biraba ntaho bitandukaniye n'ivyashitse muri Zimbabwe. Nkururunziza rero akwiye kwamira ibintu bitararenga urugero.
Bitagenze gutyo tuzomubaza iyo yari igihe umugambwe yaserukiye mumatora wadushuhurira ko imbonerakure, tuzomubaza ico yakoze nka se Barundi, tuzomubaza uruhara rwa Reta yari arongoye muguhumuriza no kunywanisha abarundi batavuga rumwe.
Subscribe to:
Post Comments (Atom)
No comments:
Post a Comment