Thursday, August 14, 2008

Ibiganiro hagati ya Leta na FNL: Aho FNL Ihagaze

MBEGA IBIGANIRO HAGATI Y’UMUGAMBWE PALIPEHUTU-FNL NA RETA Y’UBURUNDI BIGENDA GUTE ?

uri ibi bihe havugwa vyinshi ku biganiro vy’amahoro biriko biba hagati y’umugambwe PALIPEHUTU-FNL na Reta y’Uburundi. Birashoboka ko n’abanamarimwe bamwebamwe bashobora kuba bataronka inkuru y’imvaho ku biriko biraba, bakibaza ibibazo bakongera bakiha n’inyishu. Nk’uko umutwe w’amajambo ubivuga, aka ni akanya kanyu ko kumenya ingene ivyo biganiro vyifashe kuva igenekerezo rya 17 rusama 2008, intumwa za PALIPEHUTU-FNL zirongowe n’umuvugizi w’Umugambwe Nyakwubahwa Pasteur HABIMANA zaraye zishitse i Bujumbura.
Kuva ico gihe, ibiganiro vyaciye bitangura, bikaba bibera mu migwi itatu : Umurwi wa Directoire Politique ujejwe gushigikira ibiro vy’umuhuza mu biganiro, umugwi wa MCVS ujejwe gukurikirana ishirwa mu ngiro ry’amasezerano yo guhagarika intambara n’Umugwi wa Equipes Mixtes de Liaison (EML) ujejwe gukurikirana ivy’iyegeranywa ry’abarwanyi ba PALIPEHUTU-FNL no gucungerera hafi abarenga ku masezerano yasinywe n’impande zaganiriye hamwe rero no gupfunguza impfungwa za PALIPEHUTU-FNL. Ivyashitsweko n’iyo migwi, ni amasezerano yo guhagarika imirwano yo kuwa 26 rusama 2008, kwiga inzandiko zitunganya ibikorwa vya MCVS bizorangurwa bijanye no kwegeraniriza hamwe abarwanyi ba PALIPEHUTU-FNL, kurondera imfungurwa z’abarwanyi ba PALIPEHUTU-FNL (naho bishika izo mfungurwa zikaza zirahagarikwa) no gutegura umuzo w’Umukuru w’umugambwe. Mu nyuma hahavuye hatunganywa ibikorwa vy’Imigwi EML. Iyo mirwi nayo yari yatanguye gutohoza ibijanye n’abanywanyi ba PALIPEHUTU-FNL bapfungiwe ivya politike hamwe n’abarwanyi bacu bafatiwe ku rugamba. Ico gikorwa cari giteye kure kuko n’intonde zari zaramaze gutangwa mbere no mu busho bumwebumwe zari zimaze gusomwa. Ariko kubera ugushaka guke kwa Reta, ico gikorwa ciza carahagaze. Aho mwomenya ko naho cahagaze cari co cahawe iyo mirwi ngo kibe arico iherako imbere y’ibindi na rirya muri izo mpfungwa harimwo abagwanyi barabwa n’Ikibazo co kwegeranirizwa hamwe kw’abandi barwanyi.
Aho Umukuru w’umugambwe ashikiye kuwa 30 rusama 2008 yaciye yandikira Umukuru wa Directoire politique ikete ryo kuwa 4 ruheshi 2008 amumenyesha ico PALIPEHUTU-FNL isaba kugira ibiganiro bitere imbere. Muri make, iryo kete ryasaba gutanga ikigongwe c’agateganyo (immunité) ku banywanyi ba PALIPEHUTU-FNL, kurekura imfungwa za politique n’abarwanyi bafatiwe ku rugamba, kwiga kazoza ka PALIPEHUTU-FNL muri politique (Accord politique) n’ak’abasirikare ba PALIPEHUTU-FNL (Accord technique des forces), kwemerera umugambwe PALIPEHUTU-FNL gukorera ku mugaragaro, hanyuma hagaca haba intwaro mfatakibanza ihurikiyemwo imigwi ya politique yose igategura amatora, ikanumvikana ukuntu hosubirwamwo ibwirizwa shingiro n’ayandi mategeko y’agahotoro, kwandika kahise k’igihugu kugira Abarundi babone kumwe ivyabaye muri kino gihugu, hanyuma basubize hamwe mu gusinya amasezerano yo kubana mu mahoro ariyo twise (Contrat social).
Intumwa za PALIPEHUTU-FNL mu mugwi wa Directoire politique zasavye ko iryo kete ryokwishurwa na Reta kuko ariyo ivyo bibazo vyose vyega. Reta yarananye nk’uko yama gushika n’aho uwuserukira Umuhuza mu biganiro asaba ko intumwa za PALIPEHUTU-FNL n’iza Reta y’Uburundi zohurira muri Afrika y’epfo kuva kw’igenekerezo rya 8 ruheshi 2008 gushika kw’igenekerezo rya 11 ruheshi 2008 I Magaliesberg muri Afrika y’epfo, haranasohorwa itangazo aho Reta yiyemeje kworoha mu biganiro (faire preuve de souplesse) kugira ishirwa mu ngiro ry’amasezerano ntiricumbagire. Reta yiyemeje kandi gushira mu nzego za politike n’iz’umutekano abanamarimwe n’abarwanyi ba PALIPEHUTU-FNL. PALIPEHUTU-FNL nayo yiyemeje gushira mu ngiro amasezerano yo guhagarika imirwano. Amakungu nayo yiyemeje gushigikira Umuhuza, Umugwi wa Directoire politique, Reta y’Uburundi na PALIPEHUTU-FNL mu mugambi w’amahoro. Aho i Magaliesberg nyene niho bumvikaniye ko ibibazo vya politike n’ivya gisirikare bitegerezwa kugira rimwe ata gisigaye inyuma.
Izo ntumwa za Reta na PALIPEHUTU-FNL zivuye muri Afrika y’epfo, Reta yarasubiye kunana kwishura iryo kete mugabo irateba iragondozwa mu nama ya Directoire politique yo kw’igenekerezo rya 17 ruheshi 2008. Niho yifata mu jisho igatanga urwandiko rwishura rya kete mugabo ata nyishu n’imwe y’ibibazo nkoramutima vyabajijwe irimwo kw’igenekerezo rya 18 ruheshi 2008. Ku kibazo ca ca kigongwe c’agateganyo (immunité = Uburenganzira bwo kudakurikiranwa n’amategeko), Reta yishuye ko amasezerano asaba Reta kugitanga kandi ko yagitanze, muzi n’ingene twakineguye mu kinyamakuru Akari mu mbari n°36 ku rupapuro rwa 4 n’urwa 5 casohotse ku wa 22 ntwarante 2008. Ku kibazo c’imfungwa ngo bazobarekura ari uko abarwanyi ba PALIPEHUTU-FNL bose bamaze kuja mu bibanza begeranirijemwo ngo bakwe ibigwanisho. Ku kibazo c’ukwemerera umugambwe PALIPEHUTU-FNL ngo ukorere ku mugaragaro, Reta yitwaje amasezerano ngo : « Igihe Abarwanyi ba PALIPEHUTU-FNL bazoba bamaze kwakwa ibirwanisho bakaja bamwe mu nzego z’umutekano abandi bagataha i muhira, umuhari PALIPEHUTU-FNL uzosaba kwemererwa hisunzwe amategeko ya Reta y’Uburundi ». Mwisomeye neza aho mu ntangamarara inzitizi Reta ishiraho ngo PALIPEHTU-FNL ntiwemererwe gukorera ku mugaragaro nk’umugambwe, ariko ikaguma imenyesha ku maradiyo ko ibiganiro bigenda neza kandi ata nyishu n’imwe itomoye y’ibibazo yari yabajijwe yigeze itanga. Igitangaje ni uko Reta iguma isaba ngo PALIPEHUTU-FNL itange abarwanyi bayo ngo baze muri vya bibanza vyo kwiyegeranirizamwo bakwe ibirwanisho idashaka gutomora kazoza k’umugambwe PALIPEHUTU-FNL. Bikagaragara neza ko intumbero yayo ari kwaka PALIPEHUTU-FNL abarwanyi kuko ari bo babateye ibibazo, bamwe babahendeshe utubanza mu gisirikare no mu gipolisi, abasigaye batahe i muhira, umugambwe ntiwemererwe kuko umugambwe atabwoba woba ugiteye Reta ata gisoda ugifise.
Ico PALIPEHUTU-FNL isaba ni uko Reta yotangaza ko PALIPEHUTU-FNL wemerewe gukorera ku mugaragaro nk’iyindi migambwe hanyuma abarwanyi baje muri vya bibanza vyo kwiyegeranirizamwo umugambi w’amahoro ubandanye.
Génespérius MUTORE
Soma Ikinyamakuru Ca FNL ngaha

1 comment:

Anonymous said...

Turakeneye ko abarundi bazabarandika ibinyamakuru vyiterambere ryabarundi hakwama baterana amajambo!!!


Kabura