Haraheze imisi ibinyamakuru vy'uburundi bitumenyesha ingene umugabwe uri kubutegetsi wifashe.Twahisemwo kubirabisha amaso kubera ata mu gambwe n'umwe twegamiye. Ugusambuka canke ugukomera k'umugambwe uwariwo wose biraba uyo mugabwe n'abawurimwo. Ariko iyo inyungu z'umurundi mutomuto zitanguye guhonyangwa, agacerere ntaco kaba kakimaze. Ngo abarongoye Umugambwe uri kubutegetsi ntibacana uwaka...Vyisomere Ngaha...canke Ngaha...Ivyo birabaraba, ntibari bazi yuko ingoma y'icamwo imigwi yama isambuka? Hari uwuyobewe kahise kuyo muhari kuva ugitangura? Noneho nari niyibagiye kuko ivyo ntibindaba.Iyo ni "Tabia mbaya", kuko aba bariko bacanamwo basangiye urugamba rwabashikanye aho bari ubu!
Ikindaje ishinga niyo turiko turuja: twese turazi yuko mu mwaka uza hazoba hari amatora. Ikigaragara nuko abantu bayiteguriye. FRODEBU yaramaze kumobiliza abademolize...vyisomere ngaha..., CNDD-FDD nayo iriko ira reforma utugwi tw'itera bwoba,... navyo vyisomere ngaha!
Ibi sivyo gufyina umungani wakakajajuro gati "Nkiz'ikigufa sivyo gufyina"! Iyindi migambwe yo iragona gusa? Ihi bambewe...Ntawokwibagira ko FNL igifise ibigwanisho mu ba militant bayo! None ninde azogwana nande?
None ibi ntibiriko biraba tubona? Ejo aho buca amaraso asubira gusesekera bizobazwa nde? Ico nzi n'uko umurundi muto muto bizomuhitana!
Tubirabishe amaso?
Vugaduhabwe!
2 comments:
Vugaduhabwe ubona ko amatora muburundi azogenda neza?
Ntamugambwe numwe mbona utomoye
Claude
Mu Burundi ubu hari ibimenyetso vyerekana inzira nziza reta ishaka gufata. Twovuga na cane cane ingingo umukuru w'igihugu aheruka gufata yo kugorora itegeko riraba amatora n'umurwi CENI, ukuja hamwe n'abanyamigambwe mugushiraho CENI, eka n'ibindi. Ariko hari ibindi bimenyesho bitera umutima uhagaze...Ikizoba ntawokimenya, ariko dufatiye kubigaragara umuntu yogira amakenga...na cane cane iyo gutegura amatora bitanguye kujamwo aba demobilizes canke ibirwanisho...Kandi ibi ntibikorwa n'umugambwe uri kubutegetsi gusa...Ariko kubera aribo bakiri kubutegetsi, ibizogenda nabi tuzovuga ngo vyabaye aribo bari kuntwaro...kuko barafise responsibility n'uburyo vyo gushira umutekano mu gihugu...
Post a Comment