Babajije Samandari bati: mbe Samandari uvuye hehe?
Samandari ati: mvuye mu kuzimu guhinda umuyaga!
Bati: none uhasize iki?
Nawe ati: nsize ruserinkono ku ziko, yamara imboga zo kubukoza nataba wewe ni jewe!
Samandari yabuze umuntu, abaje kumufasha bati: zana isuka tumuhambe.
Nawe ati: baza uwo nyene ni we azi aho ayibika!
Samandari yashengeye i bwami bamuzimana imvuzo, agacira i mutwe arataha. Yashitse yenga impeke, ihiye aca arayinywa, afata imvuzo aba ari zo agemura i bwami.
Babibonye baramuhamagaye bati: ariko ga Samandari ukagemura imvuzo i bwami?
Nawe ati: nabonye ari zo mumpa nkagira ni zo mukunda.
Twadukuye kuri Kiyago.com
5 comments:
Utwotujajuro nitwo twabujije abarundi gukora, baguma bateramiye kumigani gusa Instead of working
Ah bon? Wewe vyarakubujije gukora???
Birababaje ko hari uwuguga ko utwo tujajuro, imigani, ibitito n,ivyese ki sont le vehicule de notre culture aujourd'hui ou tres peu en connaissent et pire encore ne sachent la transmettre aux future generations. Les futures generations ont besion de connaitre la richesse de notr langue, la grandeure de nos valeurs refleter par ces migani, utujajuro...un defis a celui qui a poste le commentaire critiquant utujajuro...proposer nous une autre formule pour transmettre notre identite et originalite et creativite et la richesse de notre litterature a nos enfants et aux futures generations? "Science sans conscience n'est que ruine de l'ame"
merci, ahubwo rondera utundi tujzjuro tw'uwo mutama samandari kuko abana nacu baradukeneye nabo bamenye ica dueramisha aho hambere turi kumwe n'abavyeyi. erega ubu turagowe kuko nta muvyeyi agiteramana n'umwana hewe. genda ngaha muri ville ubaze umwana uti mbwira igitito woba uzi? arakanura amaso akabura. Ce n'est pas de sa faute mais de ses parents !!!!
Vyukuri abakera bari bafise ubwenge kuko barakemura ibibazo vya sociète mumutekano ntangere kandi abo biraba barabimenya bagahindura. Ariko abubu nukuvuga yamuhe kumbuga ngurukanabumenyi gusa basokuru bubahwe
Post a Comment