Sunday, March 13, 2011
Ibimenabanga canke Abagumyabanga?
Nzobonimpa Manasse ati iryo banga rirananiye kugumya, nacane cane cane ko ibanga ry'abagabo ritigeze riba gusahura canke ububeshi!
Ariko ntaworeka kwibaza igituma Nzobonimpa yarindiriye iyi myaka yose ngo "arigumye": Baramwimyeko? Twabaye duke utwo gusabikanya? Canke yibutse gukunda igihugu atakigisigayemwo? Amotora bayivye atabona? yavuze iki? Falcon yagurishijwe atabona? Abantu nkabo badutera amakenga! Imigambi yo kwica ba nyarucari bayipfundika atabizi? Ahandi ho ntaco bamushiriye muri "Conseil des sage"!
Abarigumye nibarigumye, ariko bizoteba bimenyekane: kandi ntibazobiherana. Hazoteba hagere.
Nawe Manasse, kaze mu murwi w'abatavukanye Imbunto, ingo uhamwe nk'abandi.
Mbega turinda kuba abarabu ngo turekurirwe kwikurako abo bambuzi n'abicanyi?
Vuba cane, banyarucari tuzohagurukira rimwe babiyamirize n'uko abandi biyamirije Khadafi!
Akari inyuma karahinda.
Vugaduhabwe
Subscribe to:
Post Comments (Atom)
No comments:
Post a Comment