Sunday, February 22, 2009

Abasoda 11 bishwe muri Somalia


Kuri uyu w'Imana, Abasoda 11 b'ababarundi bari mu murwi w'abasoda w'Ubumwe Bw'Africa biciwe muri Somalia! Batewe n'umugwi w'intagondwa z'aba Islamu biyumvura yuko abasoda b'ubwoko bwose bari muri Somalia ata bubasha bafise bwo kuguma muri ico gihugu! Soma ayo Makuru ngaha!
Ico gitero gishitse inyuma yuko Ethiopia yari isanzwe ifise abasoda muri ico gihugu iheruka kubakurayo. Ethiopia, eka mbere n'iyo migwi y'izo ntagondwa, biyumvira ko n'ibindi bihugu bifise abosoda muri Somalia bobavanayo.
Twokibutsa yuko ikibazo co muri Somalia gihambaye gusumba uko abantu benshi biyumvira. Ntawokwibagira ibitero vya reta z'unze ubumwe z'america zihora zigira muri somalia mu ntumbero yayo yogihiga intagondwa z'abaisilamu. Ntawokwibagira akahise ka bamwe bitwa aba casques bleu mu myaka ya mirongo incenda. Ntawokwibagira ko aba somalia ubwabo bananiwe n'ugushiraho reta naho baheruka kuronka umukuru w'igihugu! Ntawokwibagira bamwe bitwa aba Pirates banyuruza ubwato bw'ibihugu karuhariwe! n'ibindi n'ibindi.

Uburundi bwari bukwiye gusubira kwiyumvira inyungu zabwo mukurungika canke mu kugumiza abasoda muri Somalia. Turazi yuko uburundi bwafashijwe kwogorora n'ibindi bihugu bisunze ishirahamwe ry'ubumwe bwa Africa. Ariko aho utu turorero dutandukanyiye n'uko mu Burundi, abacungera umutekano bafasha abariko barifasha. Uno musi Somalia iriko irisamburirako nk'impene.

Abo bahasize Ubuzima, Imana ya ba Sokuru eka n'abasokuru nyene nibabakirane urweze!

Vugaduhabwe!

4 comments:

Anonymous said...

Ohooo,eheeeeeeee,jewe narinabivuze ko abasoda buburundi atco bariko bararonka muri Somalia.

None kuberiki bagumayo!!
Nibaveyo,basumba amaerika canke abobandi Vugaduhabwe yadondaguye?
Reka bamarane!!! bazokwisubirako!!
You remind me the song "Fire in Somalia" killing many people!!

Hey Burndi what's up now, get out or fight!

Abasoda 11 nibenshi cane!!
sad news,


Kabura

Anonymous said...

Abasoda cumi n'umwe nibenshi cane...kandi ibintu bidahindutse n'abandi bazogoma bapfa kuko kurwana n'irya mirwi ntivyoroshe! None kurwana n'umuntu adatinya gupfa wewe wumva vyoroshe?

Kira noneho, Uburundi turafise ingorane z'umutekano muke mu gihugu, ni kuki izo nguvu bajanye kubatazokwigera badushimira batozishira mu gihugu ngo abarundi batore agatiro?

Imiryango y'ababuze niyo izo kwipfumbereza, abategetsi bo nsinzi ko hari kinini bibabwiye!

Kibinakanwa

Anonymous said...

No Burundi government cann't give uip,it has not failed in Somalia.
It is was a bomb not a front line war.
We know Burundian soldiers are strong enough to defeat these guys.

Burundian never defeat!
Bazokwihora!


Jacques

Anonymous said...

There is no any main interest that Burundian could keep their soldiers in Somalia.

Look, the defence Minister is shutting down all the citizens not to speak out and ask why the government should keep their soldiers there?

Q: Why?
Minister response: none!!

Burundians!!! wake up!!!