Tuesday, June 30, 2009

Umusi mwiza w'Ukwikukira ku Barundi Bose!



Dushatse kwipfuriza abarundi bose umusi mukuru mwiza wo kwikukira. Turazi yuko abarundi batari bake uno musi ataho utandukaniye n'iyindi 364 isigaye mu mwaka. Aho bitandukaniye n'uko twikuye abakoroni bera tukiyambika abakoroni bene wacu, bene Burundi, bacura bufuni na buhoro benewabo.
Uno musi mu Burundi, ikimoko caragarutse, ibikorwa vy'umukazo vyaragarutse, kutarekurirwa kuvuga ibitandukanye n'ivy'ubutegetsi bushaka, kunyagwa amatongo na barutura, n'ibindi n'ibindi, ni ivyerekana yuko ba rugereka ataho bagiye, ahubwo biyubuye bakagira urukoba rwirabura.
Abarundi turazi yuko uburundi ari ubwacu, Uburundi dukwiye kubakama, tukonka twese...turazi noneho ku kuvukana Imbuto yari imvugo. Ni duhaguruke rero duhabuze ukwikukira kwacu. Niho Uburundi bozotera Imbere! Turazi ko akarenganyo kama kavyura uruhagarara...some kahise muzoduhinyuza!
Umusi mukuru mwiza.

Kubwa Vugaduhabwe.

2 comments:

Anonymous said...

No independence in Burundi only genocide and violation of Huma rights.Better before independence

Anonymous said...

As long as the People of Burundi live in fear,exclusion,discriminated,we cannot say with confidence that the Nation is free,as long as we see many Burundians live in exile or in internally displaced camps,we cannot walk with the same Pride we had on Independence Day,Equality and prosperity for all,security for all is what will bring us all to stand up with joy and celebrate as Free at last!