Saturday, March 8, 2008

Kaze Mwese

Woba uri Umurundi, canke Umuntu? Uvuga ururimi abandi bategera? Woba ukiri muto? Canke ufise incuti n'abaryango baba mu Burundi? Eka canke Woba uba mu Burundi? Hanze?

Nshaka ko duhurira kuri "VugaDuhabwe" kugirango tuganire. Urwaruka rw'abarundi twarasigaye inyuma cane kubijanye n'igihugu caku, canke aho tubaye. Hoba hari Website wabonye ushaka ko abandi babona?

Hari ico wabonye: Ereka abandi ? Hari ico ushaka kumenyesha abandi? Hari ikikubakiye? Hari ikiguteye amakenga mu mibereho y'uburundi n'abarundi? Hari ibanga ryagufashije ushaka ko abandi bamenya? VugaDukire nico igiye kumara! Abarundi bavuge ata mutima usimba, Abarundi bavuge aho tugwaye, Abarundi turonderere hamwe umuti w'ibitugoye.

"VugaDuhabwe" igenewe kuduhuza, ngo tuvuge...tuganire.
Ntagutyozanya birekuriwe, turazi ko arico cazingamitse igihugu, ariko nimba ushoboye kwandika muri ubu buhinga, vyereka abandi ko ufise ico wiyumvira coshobora gufasha abandi,

Turaguhaye ikaze!