Thursday, March 13, 2008

Muracibuka ruriya Rurimbo bahora bavuga ngo "Ibimenyotso vy'ibihe?"

Ibimenyetso vy'ibihe

Abanyagihugu basigaye aribo bifatira abagizi ba nabi. Abajejwe gucungera umutekano n'ibo bakoreshwa mugu tutoteza, mu kwiba, no kwica ababahaye akazi.

Reta n'abanyagihugu barabana urunuka, hari uwumvirije amakuru (RPA March 13, 2008) muvyabaye mu kabondo? Abanyagihugu BANSE ko musitanteri wa Rohero akoresha igikenye!Abavukanye ibunto baraheze mu Burundi!

Umugambi wo gucamwo abantu ibice wama watekurutse: Aho Nkurunziza na Radjabu biciriyemwo ibice urwaruka rwariko rurwanira Demokarasi, bari bazi ko bikuye umwansi kw'izosi: Uwaciye kw'ishure yoheraheza uno mugani "ng'ururucira mu kaso..." None Radjabu ari hehe? None Nkurunziza we impera n'imperuka azoja hehe? none Adolphe wewe ajoja hehe? Heraheze.

Reka ndabahe akandi karororo, imyaka ingahe iheze, hari uwari azi yuko Nyenicubahiro Nyangoma yotererwa amagerenade umusi umwe na Mathias Basabose canke Mme Nzomukunda? None abarundi bazomenya ryari ko politique yo gucanamwo ataho ikigeza abarundi? Ndabira muri Frodebu, N'abadasigana basiganiye muri polique, Iyo ngwara n'akaranda mugihugu c'amata n'imikeke (murambabarira iwacu ntitwegeka).

Murazi ico ndindiriye? N'uko Alophe na Nkurunziza bacanamwo. Umusi vyashitse, eka noneho si kera cane, Nkurunziza azoca yisubira mukibuga kwibera umumenyereza w'abinonora imitsi kanatsinda ntawuva mw'ikarashishi mari mari mari no muri Presidence....!

Reka ndangize ndabasaba kuraba ivyo uwitwa Maregos yariza ba sebuja






Clika ngaha urabe ibindi uyo musore avuga.

Nivyiza ko n'abandi bahenzwe boja ahabona, abarundi banyotewe amahoro barasumba izo njavyi. Igihugu turagisangiye, kiba gito kiba kinini!

1 comment:

Burundi news- Ewe Burundi ! said...

Uy'umugabo arakwiye kuba akarorero kubarundi bakwirikiye abahemutsi.
Nukuri baramuhemukiye cane!

Urabona ukuntu yaramerewe mwishamba!
Uburundi buravye nabi kizoba igihugu canyuma kwisi karicari icagatatu cagowe kwisi!
None bazoyungwa ninkoho


Butoyi


South Africa

Birateye ikigongwe!