Saturday, June 7, 2008

"We the People, Nous le Peuple, Twebwe aben'igihugu"!

Twebe abanyagihugu, nitwe twatoye inzengo, twebwe abanyigihugu muri make nitwebwe twahaye akazi abashingamateka. Twebe abanyagihugu, nitwebwe duhemba abashingamateka. Tutiriwe turanaja kure, dufitaniye "un contrat" n'abashingamateka...Birasanzwe, batadukoreye ico twabatoreye, turababogoza.
Aho ibintu bigeze mu nama nshingamateka, harageze yuko uwo biraba wese yokura amaboko mu mpuzu. Abarundi babayeho amezi menshi inama nshingamateka ataco iriko irakora...Ntaco vyotwara hamwe Umukuru w'igihugu yoyibogoza...
Ariko, ikigaragara n'iki? N'uko indwara w'igikenye, indwara y'ugukumirana, indwara y'inzigo yamwe muri CNDD-FDD itigeze ikira.
Abarundi b'umutima (si muri ya mvugo ya kera), turazi yuko Abarundi dushoboye gutorera inyishu ingorane zituraje ishinga. Ivya CNDD-FDD ntibindaba, ariko bimaze kuja mu nzira y'ubuzima bw'igihugu, birandaba nkuko biraba umurundi wese. Turabona noneho ko gusubiriza Radjabu na Jeremie, ataco vyafashije CNDD-FDD. Iyi n'imisi y'imperuka ya CNDD-FDD...!Ivyo bakoze ubutungane buzobitubabariza, kuko mu misi ir'imbere ntibazoba bakijuragiza ubutungane.

Vugaduhabwe

No comments: